Uko wahagera

Ubufaransa Bwirukanye Abarusiya 6 Bagirizwa Maneko


Ambasade y'Uburusiya mu Bufaransa

Ubufaransa bwirukanye abarusiya batandatu bukeka ko bakora nk’abasumyi b’urusaku kw’izina ry’ubudiplomate. Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yavuze kuri uyu wa mbere ko ibi ari inyuma y’aho iperereza ry’Ubufaransa rimenyeye ibikorwa vyo mw’ibanga bikorerwa ku butaka bwabo.

Uwo mushikiranganji yavuze ko abo bantu babasanze bakora ibikorwa bibangamiye inyungu z’Ubufaransa. Ariko iri tangazo ntiryavuze ubwoko bw’ibikorwa bagirizwa.

Iyi ngingo ikurikiye iyindi yafashwe n’Ubufaransa kw’itariki ya 4 y’ukwa kane aho abandi badiplomate b’abarusiya 35 birukanywe inyuma y’aho Uburusiya butereye Ukraine.

Ibihugu bitari bike vy’Uburayi vyarirukanye abadiplomate b’Uburusiya, inyuma y’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwagirijwe igisirikare c’Uburusiya mu gisagara ca Bucha hafi y’umurwa mukuru Kiev wa Ukraine.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG