Uko wahagera

Imyiyerekano mu Budagi ku Ntambara yo muri Ukraine


Abantu bitwaje amabendera ya Ukraine biyamiriza abashigikiye Uburusiya. Imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Frankfurt, mu burengero bw'Ubudagi, kw'itariki ya 10/04/2022.
Abantu bitwaje amabendera ya Ukraine biyamiriza abashigikiye Uburusiya. Imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Frankfurt, mu burengero bw'Ubudagi, kw'itariki ya 10/04/2022.

Abashigikiye ubutegetsi bw’Uburusiya bakoze imyiyerekano mu Budagi kuri uyu w’Imana. Basaba ko hahagarikwa imvugo zicafuza Uburusiya mu gihe bavuga ko bumerewe nabi kuva intambara itangura muri Ukraine.

Ubudagi burimwo abarusiya bangana umuriyoni 1.2 hamwe n’abashika 325.000 bamuka muri Ukraine. Abategetsi b’Ubudagi bafise ubwoba ko intambara ishobora kwimukira mu gihugu cabo mu gihe abo barusiya bakunze kuvuga amajambo yamamaza igihugu cabo.

Igiporisi kimaze gutororokanya ivyaha 383 vyegetswe ku bavuga nabi Uburusiya hamwe n’181 vy’abavuga nabi Ukraine kuva iyo ntambara itangura mu kwezi kwa kabiri itariki 24.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ryavuze ko abantu hafi 800 bihereje amabarabara yo mu gisagara Frankfurt kuri uyu w’Imana, bafise amabendera y’Uburusiya, biyamiriza amajambo y’urwanko avugwa ku Burusiya.

Ariko hari abandi 2.500 bakoze imyiyerekano nk’iyo bari ku ruhande rwa Ukraine.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG