Uko wahagera

Uburusiya Bwongereje Ibitero kuri Mariupol


Igisagara ca Mariupol
Igisagara ca Mariupol

Abasirikare b’Uburusiya kuri uyu wa kabiri bongereje ibitero bigamije kwigarurira igisagara ca Mariupol kiri ku kivuko. Abakurikiranira hafi iyi ntambara bakeka ko Uburusiya buriko buragerageza gufatanya intara ya Crimea hamwe n’ibisagara vya Donetsk na Lugansk muri Donbas.

Amakuru yakwirakwijwe ku musi wa mbere ava mu gisirikare ca Ukraine yavuze ko indege y’Uburusiya yo mu bwoko bwa drone yarashe ubumara muri ako karere, aho abanyagihugu bagize ingaruka zo guhema hamwe n’izo mu bwonko.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yavuze ko atoshoka yemeza ibi vyagiriji, ariko ko afise amakuru y’imvaho ko Uburusiya bushobora gukoresha ubumara muri ico gisagara.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, John Kirby yavuze ko gukoresha ivyo birwanisho, bisunikira Amerika n’amakungu kugira ico bakoze, ariko ntiyagitomoye.

Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko impunzi z’abanya-Ukraine barenga imiriyoni 4.6 bamaze guhunga igihugu, kandi ko 90 kw’ijana bagizwe n’abagore hamwe n’abana. Iyi ntambara yatumye kandi abarenga imiriyoni 10 bata ingo zabo bahungira mu gihugu hagati.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG