Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutaliyano Yagendeye Alijeriya


Umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano, Mario Draghi
Umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano, Mario Draghi

Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano, Mario Draghi, yagendeye igihugu ca Alijeriya, uno musi ku wa mbere. Intumbero nyamukuru y’urwo rugendo ni ugutera igikumu ku masezerano aha uburenganzira Ubutaliyano bwo kugura umwuka utanga inguvu, “bita gaz naturel” uruta uwo bwahora bugura.

Ubutaliyano buriko bugerageza kurondera ayandi masoko ntanganguvu kugira bugabanye kuzera cane ku Burusiya inyuma y’uko ico gihugu giteye Ukraine. Uburusiya ni co gihugu kigurisha urugero ruri hejuru cane rw’umwuka utanga inguvu mu Butaliyano kurusha ibindi bihugu. Urwo rugero ni ibice 40 kw’ijana vy’umwuka utanga inguvu wose Ubutaliyano bugurira mu mahanga. Aljeriya iza mu kibanza ca kabiri.

Ayo masezerano mashasha azotuma Ubutaliyano bugurira muri Aljeriya urugero rw’umwuka utanga inguvu ruri hejuru y’urwo rugurira mu Burusiya. Ibihugu vyo ku mugabane w’Uburaya biriko bigerageza kugabanya mu buryo bwihutirwa kuzera cane ku Burusiya ku vyerekeye umwuka utanga inguvu. Abategetsi b’ivyo bihugu barabona ko kubandanya bagurira cane uwo mwuka muri ico gihugu biriko bigifasha mu ngwano yaco kuri Ukraine.

Hari kandi impungenge ko Uburusiya bushobora kwugara uwo mwuka mu ntumbero yo gusubiriza mu nkokora ibihugu vyabufatiye ibihano. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG