Uko wahagera

Papa Fransisiko Azogendera Kazakistani mu Kwezi kw'Icenda kw'Uyu Mwaka


Papa Fransisko
Papa Fransisko

Ibiro vya prezida wa Kazakistani vyemeje ko Papa Fransisko azogendera ico gihugu hagati y’itariki 14 na 15 z’ukwezi kw’icenda. Azoba kandi yitavye ikoraniro mpuzamadini. Iryo koraniro rigenewe gushira imbere ibiganiro hagati y’amadini atandukanye. Ikoraniro rya mbere ryabaye mu mwaka w’i 2003.

Kazakistani, igihugu kigizwe ahanini n’abayislamu, kiracuditse n’Uburusiya buriko bukora ibitero muri Ukraine. Papa Fransisko yariyamirije ivyo bitero incuro zitari nke.

Papa Fransisko, afise imyaka 85, ntarigera agendera akarere ko muri Aziya yo hagati kuva ashikiye amabanga yiwe mu mwaka w’i 2013.

Kazakistani yarageramiwe n’imigumuko yihaye inkumbi mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Abategetsi b’ico gihugu bavuga ko abantu batari musi ya 230, harimwo abajejwe kwubahiriza amategeko 19 bishwe.

Imigumuko yaradutse mu gisagara ca Zhanaozen, mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu, bivuye kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro.

Prezida wa Kazakistani, Qasym-Zhomart Toqaev, yasavye Uburusiya kurungika inteko muri ico gihugu inyuma y’iyo migumuko. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG