Uko wahagera

Abanyetiyopiya Bipfuza Kuja Kurwanira Uburusiya muri Ukraine


Igisagara ca Mariupol catewe n'Uburusiya
Igisagara ca Mariupol catewe n'Uburusiya

Abanyetiyopiya baharurwa mu majana muri iyi ndwi baratonze imirongo kuri ambasade y’Uburusiya i Addis Abeba bafise icizere ko bashobora kwandikwa kuja kurwana ku ruhande rw’Uburusiya muri Ukraine. Ariko ambasade y'Uburusiya yahakanye ko iriko irandika abarwanyi b’abanyamahanga kandi ivuga ko abanyetiyopiya bahagiye kugira berekane ko bashigikiye Uburusiya.

Feleke Gebrekidan umwe mu banyetiyopiya bamaze amasaha batonze inyuma ya ambasade y’Uburusiya, yavuze ko afise uburambe muvya gisirikare kuko yakoreye igisirikare ca Etiyopiya imyaka irenga cumi. Avuga ko azohemuka yemerewe kuja kurwanira Uburusiya muri Ukraine.

Bamwe muri abo banyetiyopiya bavuga ko babuze ubuzi mu gihugu, bakavuga ko naho boronka akazi mu mahanga gashobora kubaka ubuzima bogakora.

Abanyetiyopiya babona Uburusiya nk’igihugu c’ikivandimwe muri poritike. Mu myaka y’1980, Etiyopiya yari mu ntwaro y’igikominisita, kandi ibihumbi vy’abasirikare ba Etiyopiya baronkejwe inyigisho za gisirikare n’ubumwe bw’abasiviyete.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera ambasade ya Ukraine i Addis Abeba, ariko banse kugira ico bavuze kuri aba banyetiyopiya batonze imirongo kuri ambasade y’Uburusiya. Eka n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bw’imigenderanire bwanse kugira ico buvuze.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG