Uko wahagera

Abarenga 5 Bahitanywe na Misile Uburusiya Bwateye i Lviv


Imwe mu nyubakwa iri mu zimaze gusamburwa n'Uburusiya

Abategetsi muri Ukraine batangaza ko misile z'Uburusiya zahitanye abarenga 5 bo mu gisagara ca Lviv. Igisagara ca Lviv kiri mu burengero bwa Ukraine, kiri mu bitari bwakogweko ibitero vyinshi mu ntambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine haraheze amezi abiri.

Maksym Kozystkiy atwara ico gisagara yavuze ko misile zitatu zaguye mu nyubakwa za gisirikare, iyindi imwe nayo igwa mw'iduka ikorerwamwo amapine y’imiduga.

Mu bindi bisagara vya Ukraine, utwigoro two kuvana abasivile mu burere burimwo intambara twaburijwemwo. Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Ukraine mw’itangazo yacishije ku mbuga ngurukanabumenyi, yagirije ingabo z’Uburusiya ko zazibiye amabarabara, avuga ko binyuranye n’amategeko mpuzamakungu yo gutabara.

Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine nawe mu kiganiro yahaye tereviziyo nyamerika, ABC, yahakanye ibivugwa n’Uburusiya bwigamba ko buriko buratsinda intambara muri Ukraine. Wewe avuga ko Ukraine imaze kwisubiza ibisagara n’uturere 900 Uburusiya bwari bwarigaruriye. Muri ico kiganiro, uwo mutegetsi yumvikanishije ko igihugu ciwe cipfuza inyishu ya kidiplomasiya.

Hagati aho, Prezida wa Ukraine asaba ibihugu vya rutura kwongereza ibihano ku Burusiya na cane cane mu vy’igitoro n’amabanki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG