Uko wahagera

Abasirikare ba Ukraine Barenga 260 Bakuwe mu Kibanza ca Azovstal


Imodokari yo mu bwoko bwa bisi irimwo abasirikare ba Ukraine ishitse i Novoazovsk
Imodokari yo mu bwoko bwa bisi irimwo abasirikare ba Ukraine ishitse i Novoazovsk

Abasirikare barenga 260 ba Ukraine bakuwe mu kibanza ca Azovstal co mu gisagara ca Mariupol kuri uyu wa mbere.

Icegera c’umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi, Anna Malyar, yavuze ko 53 muri bo bakomeretse bikomeye kandi baciye batwarwa kuvurirwa mu bitaro vya Novoazovsk, mu buseruko bwa Mariupol. Igisagara ca Novoazovsk kigenzurwa n’abasirikare b’Uburusiya hamwe n’abiyonkoye kuri Ukraine bashigikiwe n’Uburusiya.

Abandi barwanyi 211 baciye batwarwa mu gisagara ca Olenivka, hagenzurwa kandi n’abiyonkoye kuri Ukraine bashigikiwe n’Uburusiya. Uwo mutegetsi yavuze ko kubarekura vyaciye mu guhanahana imbohe hagati y’Uburusiya na Ukraine.

Malyar yavuze ko utwigoro tukibandanya kugira hatabarwe abarwanyi bagisigaye muri ico kibanza ca Azovstal mu bumanuko bwa Mariupol.

Umutegetsi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika yavuze ko abasirikare ba Ukraine bari ku birometero 3 canke bine uva ku rubibe rw’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG