Uko wahagera

Ubusweda Bwahambije Finlande Busaba Kwinjira muri OTAN


Umushikiranganji wa mbere w’Ubusweda, Magdalena Anderson
Umushikiranganji wa mbere w’Ubusweda, Magdalena Anderson

Ubusweda bwatangaje uno musi ku wa mbere ko buzosaba kwinjira icese mw'ishirahamwe ry'ukwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, OTAN.

Ico gihugu cafashe ingingo y’uguhindura imigambi yerekeye umutekano waco yari imaze imyaka itari mike. Umushikiranganji wa mbere w’Ubusweda, Magdalena Anderson, yatangaje iyo ngingo uno musi ku wa mbere. Ni mu gihe bitegekanijwe ko haba amatora ku ngingo nk’iyo mu nama nshingamateka y’igihugu ca Finlande.

Ubusweda bwagumye ataho buhengamiye mu kiringo imishamirano hagati y’ubumwe bw’abasoviyeti n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi yamaze. Yamara ico gihugu casubiye kwihweza aho gihagaze ku bijanye n’iyo nyifato bifatiye ku bitero Uburusiya bwakoze muri Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Magdalena Andersson, atangaza ko barangije igihe kimwe, bakaba batanguye ikindi. Hari inyuma y’uko impari mu nama nshingamateka zerekanye ugushigikira bikomeye ingingo ya reta y’ukwinjira icese mw’ishirahamwe OTAN.

Mu migambwe 8 iri mu gihugu, ibiri mitomito muri yo niyo yonyene itashigikiye iyo ngingo. Umushikiranganji wa mbere w’Ubusweda, Magdalena Andersson, yiteze ko bitazofata ikiringo kirenga umwaka kugira ishirahamwe OTAN ryemeze igihugu ciwe muri uwo muryango.

Yamara Turukiya yarerekanye impungenge zayo ku vyerekeye ukwinjira kw’Ubusweda na Finlande muri OTAN. Yagiriza ivyo bihugu bibiri ko bihaye indaro imirwi kivuga ko ari iy’iterabwoba irondera guhungabanya umutekano waco. Ubusweda bwatangaje uno musi ku wa ambere ko buzorungika ababuserukira muri Turukiya kuganira n’abategetsi b’ico gihugu ku bijanye n’ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG