Uko wahagera

Ukraine Isaba Amakungu Gufatira Embargo Uburusiya


Umunyamabanga mukuru wa ONU mu rugendo muri Ukraine
Umunyamabanga mukuru wa ONU mu rugendo muri Ukraine

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, ari mu rugendo muri Ukraine. Yagiranye ibiganiro na Prezida wa Ukraine, atera akamo ibihugu kabisaba kureka kugura ibitoro vy’Uburusiya.

Antonio Guterres yagendeye uburere buri kure gato y’umurwa mukuru wa Ukraine Kyiv, burimwo akitwa Bucha katowemwo ibiziga vy’abasivile. Ivyo biziga vyatowe ingabo z’Uburusiya zimaze kuva muri ako karere ni vyo vyatumye abatari bake basaba amatohoza ku vyaha vy’intambara, Uburusiya “buriko bukora muri Ukraine.”

Guterres yashigikiye ko hakorwa ayo matohoza, asaba Uburusiya kworohereza sentare mpuzamakungu mpanavyaha izoyakora. Yashimangiye avuga ko iyo abantu bavuga ivyaha vy’intambara, igisumba ivyaha vyose vy’intambara, ari intambara ubwayo.

Mu vyo Guterres yemereye Ukraine, harimwo kubandanya ibikorwa vy’ubutabazi bitandukanye no kuvana abanyagihugu mu burere burimwo intambara. Yavuze ko yaganiriye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergey Lavrov, kuri izo izo ngingo uko ari zibiri.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, nawe yasavye ko Uburusiya bufatirwa ingingo ziziriza kugura ibitoro n’amasoko ntanganguvu vy’Uburusiya. Vyitezwe kandi ko kuri uno wa kane Prezida w’Amerika, Joe Biden, ashikiriza ijambo, ibiro vyiwe vyavuze ko riza kuba ari ijambo ryo gushigikira abanyagihugu ba Ukraine mu kurwanira igihugu cabo n’ubwigenge bwabo, no mu kurwanya intambara “ itagira ifatiro, Uburusiya bwatanguje muri Ukraine”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG