Uko wahagera

Uburayi Bwumvikanye ku Bihano vy'Imfatakibanza ku Bitoro vy'Uburusiya


Abakuru b'ibihugu vya Buraya mu nama yo gufata ibihano ku Bitoro bagura mu Burusiya
Abakuru b'ibihugu vya Buraya mu nama yo gufata ibihano ku Bitoro bagura mu Burusiya

Abakuru b’igihugu vya Buraya bumvikanye ku guhagarika kugura ibitoro biva mu Burusiya, inyuma yo kumvikana na Hongiriya yari yasavye kubangira ku bindi bihano uwo muryango wateguye.

Hongiriya yavuga ko yo itaritegura bihagije ku buryo yokwibako ntiyongere gukura igitoro mu Burusiya.

Umukuru w’urwego nyobozi rw’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, yavuze ko bumvikanye ko ibihugu vya Buraya bizoba vyahagaritse kugura ibitoro mu Burusiya ku bice bingana 90 kw’ijana gushika mu mpera z’uyu mwaka.

Ni mu gihe inteko z’Uburusiya zirushiriza kwigarurira ibice mu ntara ya Donbas, mu buseruko bwa Ukraine.

I Washington, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Perezida Joe Biden yavuze ko atariko ararungikira Ukraine ibisasu vya roketi bishobora guterwa gushika ku butaba bw’Uburusiya. Ukraine yasavye Amerika ubwo bwoko bw’ibirwanisho kugira barabe ko botururuza ibitero vy’Uburusiya.

Ukraine iheruka kuronswa na Amerika imfashanyo ya gisirikare ingana n’imiriyaridi 40 z’amadolari mu ntango z’uku kwezi kwa gatanu.

Umushikiranganji mushasha w’Ubufaransa ajejwe imigenderanira n'amakungu, Catherine Colonna, mu rugendo i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine, yavuze ko igihugu ciwe citeguye kwongereza imfashanyo za gisirikare kuri Ukraine kugira hahagarikwe ibitero vy’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG