Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa kane ko ateganya kurungika abategetsi ba Amerika bo ku rwego rwo hejuru muri Ukraine, mu co yise ukwerekana ko Amerika ishigikiye Ukraine.
Ibi yabivuze abajijwe n'abamenyeshamakuru nimba yorungika abo bategetsi muri ico gihugu ca Buraya catabaguwe n’intambara. Ariko ntiyatomoye abategetsi azorungikayo. Yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru, Perezida Biden yasa nuko nawe nyene ubwiwe yipfuza kuzogendera Ukraine.
Abategetsi ba Amerika bakekwa kuzogendera ico gihugu bashobora kuzobamwo umushikiranganji w’imigenderanire, Antony Blinken canke uwo kwivuna abansi, Lloyd Austin.
Ni mu gihe ku musi wa gatatu, Perezida Biden yatangaje iyindi imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine ifise agaciro k’imiriyoni 800 z’amadolari.
Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi nabwo bwavuze ko buriko burihweza ko bworungikira Ukraine ibirwanisho birasira kure, mu gihe Uburusiya buri mu myiteguro y’ibitero sindamusiga mu buseruko bw’intara ya Donbas.
Facebook Forum