Uko wahagera

Uburaya Bufise Amakenga kw'Ihohoterwa ry'Abatemera Ubutegetsi muri Uganda


Perezida wa Uganda Yoweri Museveni (Ibubamfu) na "Bobi Wine" Robert Kyabulanyi atavugarumwe n'ubutegetsi kw'itariki ya 14/01/2021
Perezida wa Uganda Yoweri Museveni (Ibubamfu) na "Bobi Wine" Robert Kyabulanyi atavugarumwe n'ubutegetsi kw'itariki ya 14/01/2021

Umukuru w’igisata c’ishirahamwe rya Buraya kijewe agateka ka muntu, kuri uyu wa gatatu yashikirije amakenga kw’ihohotera ry’abanyororo muri Uganda hamwe n’ayandi mabi akorerwa ikiremwa muntu. Yasavye Perezida Yoweri Museveni gukora ibishoboka bihagarare atari kubivuga gusa mu majambo gusa.

Eamon Gilmore yabwiye ishirahamwe rya Buraya ko aya makenga yayiganiye perezida Museveni hamwe n’abandi bategetsi, mu rugendo aherukamwo muri Uganda.

Uru rugendo rwiwe rubaye inyuma y’indwi zibiri, Human Rights Watch risohoye raporo ivuga ko reta ya Uganda yakoresheje ubusho bwo mw’ibanga mu kuboreza igufa abatavuga rumwe na reta.

Eamon Gilmore asaba reta kurengutsa abagirizwa ayo mabi.

Iki gihugu co muri Afrika y’ubuseruko cakunze kwagirizwa ko gihiga abatemera ubutegetsi bwa Perezida Museveni, cane cane mu bihe vy’amatora mu 2021. Abamenyeshamakuru baratewe, abashingwamanza batabwa mu busho, ndetse n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi baratotezwa.

Igisirikare ca Uganda kivuga ko ibiri muri iyi raporo ataho bishingiye.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG