Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Umutekano Muke muri RDC


Abasirikare ba Monusco mu buraruko bw'intara ya Kivu
Abasirikare ba Monusco mu buraruko bw'intara ya Kivu

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa kane ko umutekano urushiriza guhungabana mu bice bitari bike vyo mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, naho igisirikare kiri mu bikorwa vyo kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho.

Jenerali Benoit Chavanat, icegera c’uwurongoye umurwi wa ONU muri RDC, MONUSCO, yavuze ko umuhari w’abarwanyi ba CODECO mu ntara ya Ituri mu buraruko ubu usigaye utera amakambi y’abateshejwe ingo zabo. Nayo umuhari ADF wamuka muri Uganda ubandanya ukora ubwicanyi aha n’ahandi mu ntara za Kivu y’uburaruko na Ituri.

Reta yashize izi ntara zibiri mu bihe bidasanzwe vy’ubutegetsi bwa gisirikare mu kwezi kwa gatanu k’umwaka uheze kugira ihashe iyo mihari y’abarwanyi imaze imyaka 25 ihungabanya umutekano muri izo ntara yica idatoranya.

Jenerali Benoit Chavanat avuga ko umuhari M23 nawo uriko urasubira gutera igisirikare ca reta n’abasivile. Mu bumanuko bw’intara ya Kivu y’ubumanuko, imihari yitwaje ibirwanisho yirwanira ku mutekano wabo yarateye ayandi moko muri Minembwe.

Naho reta yahagurukiye umutekano gushika ubu ibikorwa vyayo vya gisirikare ntaho birashika kugira umutekano ugarukanwe muri ivyo bice vy’igihugu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG