Uko wahagera

Imiriyoni 346 z'Abanyagihugu ba Afurika Bugarijwe n'Inzara


Umwe mu barirmyi bo muri Zimbabwe
Umwe mu barirmyi bo muri Zimbabwe

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutaraba, Comite International de la Croix Rouge, ritangaza ko Inzara iriko iriyongera muri Afrika bivuye ku ntambara, ihindagurika ry'ibihe n'ibiciro vy'ibifungurwa n'ibitoro bitera vyiyongera.

Abantu bagera ku miliyoni 346 muri Afrika barageramiwe n’ikibazo gikomeye c’ibifungurwa bidakwiye. Mu mwaka urangiye w’i 2021, ico gitigiri cari imiliyoni 286.

Ingwano imaze imyaka 2 mu ntara ya Tigreya muri Etiyopiya yatumye abantu imiliyoni n’imiliyoni bageramirwa n’inzara. Imigumuko y’abarwanyi b’abayislamu mu bihugu vya Burkina Faso, Mali, Nijeri na Nijeriya nayo nyene yatumye haba ikibazo gikomeye c’inzara mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Ibihugu bitari bike bigeramiwe n’intambara biri mu bigeramiwe kurusha ibindi n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe, harimwo Sudani yo mu bumanuko na Somaliya.

Abantu bagera ku bice 90 kw’ijana muri Somaliya barageramiwe muri iki gihe n’ingaruka z’uruzuba. Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe ibifungurwa, PAM rimenyesha ko niyo imvura itarwa muri uyu mwaka muri Somaliya, abana umuliyoni n’ibihumbi amajana ane bari musi y’imyaka 5 bazosinzikazwa bikomeye n’ikigoyi.

Mu kwezi kwa kabiri kwonyene, uruzuba rwahitanye ibitungwa 650.000, mu vyageramiye bikomeye abanyasomaliya ivyo bitungwa bizanira amafranga. Muri ico gihe, ibiciro vy’ibifungurwa n’ibitoro biriko biriyongera bikomeye, cane cane bivuye ku ngwano Uburusiya bwagavye muri Ukraine. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG