Uko wahagera

ONU Igabisha ko Imiriyoni z'Abantu Bashobora Kuzokwicwa n'Inzara


Bamwe mu bapfasoni bo muri Etiyopiya
Bamwe mu bapfasoni bo muri Etiyopiya

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko inzara igeramiye abantu imiliyoni n'imiliyoni mu turere two muri Afrika yo mu burengero na Afrika yo hagati.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko abantu imiliyoni 38 bazogeramirwa n’ikibazo gikomeye c’ibifungurwa mu mwaka uza. Riragabisha ko abantu batari bake bashobora kwicwa n’ikigoyi kiretse baronkejwe imfashanyo iboneka kandi yihuta y’amakungu.

Abatishoboye kurusha abandi ni bo bazogeramirwa kurushiriza mu kiringo ibifungurwa biri mu bubiko biba vyagabanutse bikomeye. Ico kiringo kenshi gishika hagati y’ukwezi kwa gatandatu n’ukwezi kw’umunani muri Afrika yo mu burengero na Afrika yo hagati.

Yamara Ollo Sid, umushakashatsi mukuru ku vyerekeye utwo turere mw’ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho ibifungurwa kw’isi, PAM, avuga ko ibimenyetso bihari vyerekana ko ico kiringo kizotangura mu kwezi kwa gatatu mu mwaka uza.

Amenyesha ko abantu batari bake baza bageramiwe n’inzara muri iki gihe. Avuga ko batanguye kugurisha ibitungwa vyabo n’ayandi matungo yabo kugira baronke amafranga ahagije y’ukugura ibifungurwa.

Avuga ko ihindagurika ry’ibihe n’intambara ari ibibazo bikomeye vyatumye umwimbu w’ibifungurwa utaba mwiza mu karere ka Sahel. Amenyesha ko inkurikizi z’uruzuba zidasanzwe muri Sahel no mu karere ko muri Afrika yo mu burengero vyageramiye bikomeye abantu imiliyoni n’imiliyoni bahaba.

Ishirahamwe ONU rimenyesha ko ingingo zikwiye gufatwa hakiri kare mu ntumbero y’uguhangana n’ico kibazo c’inzara ibintu bitarayanzara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG