Uko wahagera

USA na AU Baragerageza Kumvikanisha Abashamiranye muri Etiyopiya


Intumwa za Reta zunze ubumwe za Amerika n'umuryango w'ubumwe bwa Afrika zashitse muri Etiyopiya kugerageza gutuma impande zitana mu mitwe zihagarika ingwano zikaganira.

Izo ntumwa zigizwe na Olusegun Obasanjo, yahoze ari prezida wa Nijeriya muri ki gihe akaba aserukira umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu karere ko mw’ihembe rya Afrika na Jeffrey Feltman, intumwa idasanzwe ya Amerika muri ako karere. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Etiyopiya, Dina Mufti yatangaje ko bompi bashitse uno musi ku wa kane.

Izo ntumwa zompi zatangaje ko zishaka ko reta n’inteko z’abanyatigreya ziyirwanya zitangaza ko zigahagitse ingwano ata bibanje gusabwa, zikarekurira imfashanyo gushika mu bice vyose vyo mu buraruko bw’igihugu bisinzikajwe n’ingwano.

Abantu bagera ku 400.000 mu ntara ya Tigreya bavurwa ko bageramiwe n’inzara. Inzara ivugwa ko igeramiye kandi ababa mu ntara bihana imbibe za Amhara na Afar.

Ku musi wa gatatu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken, yasubiye gutangaza ko ashigikiye utwigoro twa Obasanjo tw’ugushika ku masezerano y’uguhagarika ingwano ata bibanje gusabwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG