Uko wahagera

Reta ya Etiyopiya n'Abarobeli Ntibavuga Rumwe Ibibera ku Rugamba


Ikiduga c'Intambara carashwe mu burengero bwa Tigreya. Etiyopiya, kw'itariki ya 1/05/2021
Ikiduga c'Intambara carashwe mu burengero bwa Tigreya. Etiyopiya, kw'itariki ya 1/05/2021

Umukuru w’abarobeli barwanya reta ya Etiyopiya yavuze ko inteko ziwe zegereje umurwa mukuru Addis Abeba, kandi ziri mu mwiteguro w’ikindi gitero sindamusiga. Avuga ko intambara igiye kurangira vuba cane, mu gihe abadiplomate bakora bataruhuka kugira habe umwumvikano wo guhagarika intambara.

Jaal Marroo, arongoye igisirikare ciyemeje guhabuza abo mu bwoko bw’aba Oromo, OLA, yagabishije umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed ko abarwanyi b’abanyagihugu bafasha reta bariko barayivako kandi begereje intsinzi.

Umuhari OLA hamwe n’abo bacuditse, TPLF wiyemeje guhabuza abanyatigreya, bavuze ko bagize intsinzi ku rubuga rw’intambara mu bice bitari bike, bafata ibisagara biri ku birometero 400 uva ku murwa mukuru, kandi ko bazoruhuka bashitse i Addis Abeba. Ariko nta bimenyeshamakuru birashika ahabera imirwano ngo vyemeze ayo makuru.

Reta yo irahakana ivyo abarobeli bavuga ko begereje Addis Ababa, ariko iza yaramaze gutegura abanyagisagara kwitegura kwigwanirira.

Ibihugu bitari bike vyasavye abenegihugu bavyo kwirinda gufata ingendo muri Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG