Uko wahagera

Etiyopiya: Abahunga Bavuga ko Bategekwa Kwinjira mu Gisirikare


Bamwe mu banyagihugu bahunga Etiyopiya
Bamwe mu banyagihugu bahunga Etiyopiya

Abantu bariko bahunga Etiyopiya bavuga ko baterwa kandi binjizwa ku nguvu mu gisirikare. Ivyo biriko bikorwa ku Banyatigreya mu gice c’intara ya Tigre igenzurwa muri iki gihe n’abategetsi b’intara ya Amhara bafataniije n’inteko za Eritreya. Ivyo vyemeje ivyatangajwe na Reta zunze ubumwe za Amerika n’abandi, vy’uko inteko za Eritreya zikiri mu ntara ya Tigreya.

Abantu bariko barahungira muri Sudani babitangarije uno musi ku wa mbere itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press. Ni mu gihe ingwano imaze umwaka hagati y’inteko za reta n’inteko z’intara ya Tigreya.

Abagabo batatu bahunze mu ndwi iheze ibice vya Adebay na Humera mu burengero bwa Tigreya, bavuga ko abategetsi b’intara ya Amhara bagabishije abanyagihugu muri ako karere ngo ntibashigikire inteko za Tigreya ziriko zegereza umurwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba.

Alemu Abraha, umunyatigreya afise imyaka 28, avuga ko abategetsi b’intara ya Amhara bafatanije n’inteko za Eritreya batanguye kwinjira ma mazu y’abantu mw’ijoro kubatwara. Avuga ko abagenzi biwe bari mu batwawe. Yibaza ko barungitswe mu ntara ya Amhara habereye ingwano ikomeye mu mezi ya vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG