Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abashigikiye Umushikiranganji wa Mbere wa Etiyopiya


Abanyagihugu baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi muri Etiyopiya uno musi ku wa Mungu bihaye amabarabara y’umurwa mukuru Addis Ababa mu myiyerekano bavuze ko ari iyo gushigikira umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Abiy Ahmed na Reta yiwe.

Imyiyerekano ibaye mu gihe ingabo za TPLF zimaze umwaka zirwanya Reta ya Abiy Ahmed umwanya n’umwanya zishobora kwigarurira umurwa mukuru wa Etiyopiya. Mu biyerekanye, harimwo abiyamirije Amerika iri ku rutonde rw’ibihugu bimaze gusaba impande zishamiranye gutanga agahengwe. Hari ariko n’abandi basaba ko Reta ya Etiyopiya n’imirwi bihanganye vyotangura ibiganiro bidatevye.

Reta iramutswa Abiy ku wa gatanu yavuze ko ititeze guhesha, isigura ko ibwirizwa gukingira igihugu n’abanyagihugu, igirako isaba amakungu kuja ku ruhande rwayo mu guharanira ico yise demokarasi ya Etiyopiya.

Mu ntango z’ino ndwi turiko turasozera, Reta zunze ubumwe z’Amerika zagirije Etiyopiya ihonyanga rikabije ry’agateka ka zina muntu, zigirako zigabisha ko zishobora kuvana ico gihugu mu masezerano y’ubutunzi yitwa AGOA.

Intambara imaze umwaka muri Etiyopiya imaze guhitana abanyagihugu amajana n’amajana, yomora mu vyabo abagera ku miriyoni zirenga zibiri mu gihe abagera ku bihumbi amajana ane bo mu ntara ya Tigray bugarijwe n’inzara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG