Uko wahagera

Amakungu Akomeje Kuremera Etiyopiya mu Gihe TPLF Yegera Addis


Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeffrey Feltman, iri mu rugendo mu gihugu Etiyopia
Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeffrey Feltman, iri mu rugendo mu gihugu Etiyopia

Utwigoro twihutirwa two kugarukana umutekano mu gihugu ca Etiyopiya twakomeje kuri uyu musi. Ico gihugu kimaze umwaka mu ngwano. Muri iki gihe intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeffrey Feltman, iri mu rugendo mu gihugu Etiyopiya, uyu musi ku wa kane, Prezida wa Kenya, yaboneyeho akaryo ko gutera akamo gasaba agahengwe mu buryo bwihutirwa.

Uhuru Kenya yavuze ko bibabaje kubona ata biganiro nyakuri vyigeze biba vyo kurangiza iyo ngwano yahitanye abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, ikanakura mu zabo abandi imiliyoni n’imiliyoni kuva mu kwezi kwa 11 kw’umwaka uheze.

Ingabo za Tigreya zifadikanije n’uwundi murwi witwaje ibigwanisho zarafashe ibisagara bikomakomeye bitari bike mu misi iheze, kandi zisa n’izisagirije umurwa mukuru Addis-Abeba.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed, Billene Seyoum, ntaco arishura ku kibazo yabajijwe niba Abiy azobonana n’intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeffrey Feltman.

Feltman yaratangaje muri iyi ndwi ko hariho uburyo bwinshi bwo gutangura ibiganiro mw’ibanga. Muri utwo twigoro kandi, ejo ku musi wa gatatu, umunyamabanga mukuru w’ishirahmwe mpuzamakungu, Antonio Guterres, yaratangaje ko yavuganye na Abiy, bakayaga ukuntu yofasha mu gutanguza ibiganiro vyo guhagarika iyo ngwano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG