Uko wahagera

ONU: Imiriyoni 29 muri Sahel Zikeneye Imfashanyo


Senegal Africa Hunger Returns
Senegal Africa Hunger Returns

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike yavuze kuri uyu wa kabiri ko imiriyoni 29 z’abantu zikeneye imfashanyo mu karere ka Sahel. Ayo mashirahamwe avuga ko abo bantu bari mu bihugu bitandatu birangwamwo umutekano muke n’inzara muri ako karere ka Afrika.

Ibihugu bidomwako urutoke ni Burkina Faso, uburaruko bwa Kameruni, Cadi, Mali, Nijeri, uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, nkuko ayo mashirahamwe avuga.

Imihari y’intagondwa zigendera ku vyiyumviro vya kiyisilamu yatanguye ibitero mu buraruko bwa Mali mu 2012.

Ubufaransa bwaciye buza gufasha kwirukana abo barwanyi, ariko baciye basanzara bongera bariyunga, babandaniriza intambara muri Mali mu 2015, hanyuma batandukira mu bindi bihugu bibanyi vya Nijeri na Burkina Faso.

Cadi hamwe n’uburere bwa Sahel, mu buraruko bwa Kameruni na Nijeriya ntivyasigajwe inyuma n’izo ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG