Uko wahagera

HCR Yagabanije Imfungurwa ku Mpunzi z'Abarundi muri Tanzaniya na Uganda


Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryagabanije ibifungurwa bihabwa impunzi z’Abarundi mu makambi ari muri Tanzaniya no mu Buganda.

Ishirahamwe HCR rivuga ko guhera muri uku kwezi kw'indwi ryakuyeko ibice 17% ku vyo ryahora ritanga. Nk’ifu y’ibigori, umuryango w’abantu 2 wahora uhabwa ibiro 12, ubu uzohabwa ibiro bidashika 9 bikoreshwa mu minsi 28. N’ibindi bifungurwa nk’ubushaza, amavuta, umunyu, ubuyi ni nk’uko, nk’uko vyerekanwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi.

Zimwe mu mpunzi zo mw’ikambi ya Nduta iri muri Tanzaniya zaganiriye n'ijwi ry'Amerika zivuga ko ingaruka zigiye kuba nyinshi: Inzara, ingwara zituruka ku gufungura nabi mu bana, hamwe rero n’abazohitamwo gutahuka kubera ubukene.

Basiguye ko bikeka ko ari ayandi mayeri HCR n’igihugu cazihaye indaro bakoresheje kugira bazirukane zitahuke. Babivuga bishimikije amajambo yo kubatahisha ku nguvu yakomeje kwumvikana mu bategetsi ba Tanzaniya, n'akamo k' umukuru w’igihugu mushasha mu Burundi yahamagariye impunzi zose guhunguka.

Ku ruhande rwa Uganda, HCR, ivuga ko mu bubiko, hasigayeyo imfungurwa zizoshika mu kwezi kw’9 uyu mwaka gusa. Abarundi bahungiye muri ico gihugu mw'ikambi ya Nakivale basaba abafasha HCR gusubira gutanga imfashanyo, bagatera ivyatsi ico bita amayeri yo gutahukanwa ku nguvu.

Umuvugizi wa HCR muri Tanzaniya yabwiye umunyamakuru wa VOA ko ukwo kugabanura imfungurwa kwatumwe n’ikiza c’umugera wa Corona. Eduard Ogolla, mu butumwa bwanditse, amenyesha ico kiza ca Corona catumye HCR rikoresha uburyo bwinshi mu gukingira impunzi.

Ku kibazo co gushaka kwirukana impunzi, HCR riremera ko rimaze kumva ko abategetsi batandukanye ba Tanzaniya n’umukuru w’igihugu c’Uburundi bamaze iminsi bahimiriza abantu gutahuka.

Gusa, iryo shirahamwe rivuga ko rishigikiye abatahuka ku gushaka kw’abo kandi ko abo rizobandanya kubaherekeza gushika mu gihugu c’amavukiro nk’uko ryatanguye kubikora kuva mu mwaka w’2017, aho abarenga gato ibihumbi 85 bamaze gutahukanwa.

Impunzi z’Abarundi zigisigaye mu karere ka Afrika y’ibiyaga binini ni hafi ibihumbi 390. Muri Tanzaniya ni ho hari nyinshi abarenga ibihumbi 164, hakurikira u Rwanda rurimwo abarenga ibihumbi 72, RDC irimwo abarenga ibihumbi 100, Ubuganda burimwo abarenga ibihumbi 48.

HCR rivuga ko rikeneye uburyo bungana hafi imiliyoni 290 y’amadolari ya Amerika yo kwitaho abo Barundi bose muri uyu mwaka w’2020, hakaba hamaze kuboneka ayadashika n’ibice 10% vy’ayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG