Uko wahagera

Amerika na Irani Baragirizanya Gutevya Ibiganiro kuri Nikereyeli


Reta zunze ubumwe za Amerika na Irani vyagirizanije kuri uyu wa mbere kudindiza ibiganiro ku gusubira mu masezerano ya Nikreyeli bimaze indwi vyarahagaze.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire n’amakungu, Saeed Khatibzadeh yavuze ko intumwa z’igihugu ciwe muri ivyo biganiro zitazosubira i Vienne, muri Otrishiya ahamaze umwaka hariko harabera ivyo biganiro. Avuga ko Amerika ibwirizwa gutorera inyishu ibibazo bikidindije ibiganiro.

Khatibzadeh yabwiye abamenyeshamakuru ko Irani itazoja i Vienne mu biganiro bishasha vyo guheraheza amasezerano kuri Nikleyeli mu gihe Amerika itokemura ibibazo bigisigaye, ariko ntiyavuze ivyo bibazo ivyo ari vyo.

Ariko umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika Ned Price we yavuze ko ahubwo ari Irani itariko iratanga inzira ishikana ku masezerano. Price yagabishije ko umwanya uriko uragenda aho Irani irushiriza kwegereza gukora ikirwanisho ca Nikleyeli. Yavuze ko haharurwa indwi kugira Irani izobe yahinguye ico kirwanisho ku buryo aya masezerano mashasha ata nyungu azoba agitanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG