Umutegetsi wo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yavuze ko umwanya ugiye kugira hafundikwe amasezerano ya Nikereyeli na Irani. Asaba Irani kwemera kuganira na Amerika amaso mu yandi kugira haboneke amasezerano.
Uwo mutegetsi yavuze ko porogaramu ya Irani yegereje ku rugero rwo gushika ku kirwanisho ca Nikreyeri mu gihe ata cokorwa vuba.
Ibiganiro biheruka i Vienne muri Otrishiya vyo kunagura ayo masezerano, vyagiye mu karuhuko mu ndwi iheze. Amasezerano ya mbere yari yemereye Irani gukurwako ibihano nayo igahagarika porogaramu yayo ya Nikereyeri. Ariko Reta zunze ubumwe yaciye yikura muri ayo masezerano kandi ubutegetsi bwa Donald Trump buca bufatira Irani ibindi bihano mu 2018.
Perezida Joe Biden agishika ku butegetsi yarafashije gusubira mu biganiro, ariko Amerika yaserukiwe n’abanyaburaya mu guhura na Irani.
Mu ndwi iheze, Irani yaravuze ubwa mbere ko yuguruye imiryango yo kuganira imbona nkubone na Reta zunze ubumwe za Amerika. Amerika nayo yaciye ivuga ko yiteguriye ivyo biganiro.
@AFP
Facebook Forum