Uko wahagera

Isirayeli Isaba Amerika Guhagarika Ibiganiro vya Nikleyeri na Irani


Ibendera rya Irani
Ibendera rya Irani

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Naftali Bennett yasavye kuri uyu wa kane ko ibiganiro vya Nikleyeli Amerika n’ibindi bihugu rutura vyasubiyemwo na Irani i Vienne muri Otrishiya bihagarara. Yavuze ko Irani ata kindi irimwo atari ukubesha amakungu.

Mu kiganiro yagiranye n’umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, Bennett yamusavye gufata ingingo zikomeye kuri Irani. Bennett yamye ateye kubiri n’amasezerano yo mu 2015 ibihugu rutura vyasinye.

Uyo mutegetsi wa Isirayeli yashikirije ayo makenga inyuma ya raporo nshasha y’abahinga ba ONU bakurikirana iyubahirizwa ry’ayo masezerano. Abo bahinga berekanye ko Irani yatanguye kuyungurura ubumara bwa Iranium gushika ku rugero rwa 20 kw’ijana.

Mu kwezi kwa kane, Irani yavuze ko izotangura kuyungurura Iranium kugeza ku bice 60 kw’ijana, inyuma y’igitero cakozwe kw’ihinguriro ryayo ryo mu gisagara ca Natanz Isirayeli iterekwa. AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG