Uko wahagera

Irani Yemeye Gusubira mu Biganiro kuri Nikleyeli Yayo


Ibengera rya Irani
Ibengera rya Irani

Irani yavuze kuri uyu wa gatatu ko izosubira mu biganiro n’ibihugu rutura kuri porogaramu yayo ya Nikleyeli mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Nta kiratangazwa ku rundi ruhande rw’abari muri ivyo biganiro bishasha ku masezerano mpuzamakungu yo mu 2015, agamijwe guhagarika umugambi wa Irani wa Nikleyeli.

Kuri uyu wa gatatu, umwunganizi mu bushikiranganji bwa Irani bw’imigenderanire n’amakungu, Ali Bagheri, ari nawe arongoye intumwa za Irani muri ivyo biganiro, yavuze ko bemeye gusubira mu biganiro imbere yuko ukwezi kwa cumi na kumwe kurangira. Yavuze kandi ko itariki izotangazwa mu ndwi iza.

Ubumwe bwa Buraya hamwe n’ibihugu rutura kw’isi bimaze igihe bigerageza kugondoza Irani gusubira mu biganiro, kuva ico gihugu gikoze amatora yashize ku butegetsi Perezida Ebrahim Raisi abonwa ko atazokworohereza ivyo biganiro.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze ko yiteguye gusubira gutangura ibiganiro mu gihe Irani yoshitsa ivyo yiyemeje muri ayo masezerano ya Nikleyeli no guhagarika kubandanya kuyungurura Iraniumu.

(AP, Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG