Uko wahagera

Abanyaburaya Bahangayikishijwe n'Ibikorwa vya Nikleyeli vya Irani


Intumwa za Buraya mu biganiro i Vienne muri Otrishiya n'intumwa za Irani ku kunagura amasezerano ya Nikleyeli. Isanamu yo kw'itariki ya 1/05/2021
Intumwa za Buraya mu biganiro i Vienne muri Otrishiya n'intumwa za Irani ku kunagura amasezerano ya Nikleyeli. Isanamu yo kw'itariki ya 1/05/2021

Ibihugu rutura vya Buraya vyashikirije amakenga kuri uyu wa kabiri ku ngendo ya Irani yo kurushiriza kuyungurura ubutare bwa Uranium kuri porogaramu yayo ya Nikleyeli. Abashikiranganji b’imigenderanire b’Ubwongereza, Ubufaransa, n’Ubudagi bavuze ko iyi ntambuko igiye gutambamira ibiganiro bibera i Vienne muri Otrishiya, bitumbereye kunagura amasezerano yo mu 2015.

Ikigo mpuzamakungu kigenzura ibirwanisho vy’ubumara catangaje kuri uyu wa kabiri ko Irani itumbereye kuyungurura Uranium gushika ku rugero rw’ibice 20 kw’ijana, ibishobora guca bihagarika ibiganiro vy’i Vienne.

Abo bashikiranganji batatu ba Buraya bavyise uguhonyanga bikomeye ico Irani yemereye amakungu mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015. Iyi ngingo ya Irani izoyishikana ku ntambuko yegereza guhingura ikigwanisho ca Nikleyeli, n’aho Irani yama yavuze ko atari vyo itumbereye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG