Uko wahagera

ONU: Antonio Guterres Asaba Amerika Gukura Ibihano kuri Irani


Ikibanza gihingurirwamwo ubumara bwa Uranium i Fordow mu buraruko bw'igihugu.
Ikibanza gihingurirwamwo ubumara bwa Uranium i Fordow mu buraruko bw'igihugu.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye Reta zunze ubumwe za Amerika gukuraho ibihano yafatiye Irani. Yasavye kandi ivyo bihugu uko ari bibiri gusubira mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015. Antonio Guterres yavyanditse muri raporo inama ya ONU ijejwe umutekano yaganiriyeko kuri uyu wa gatatu.

Guterres yavuze ko yatewe intege n’utwigoro twa kidipolomasiya twakozwe two gusubira gusubiza ivyo bihugu muri ayo masezerano. Yasambutse kuva aho uwahoze ari perezida wa Amerika, Donald Trump, akuriye igihugu ciwe muri yo mu kwezi kwa gatanu 2018, mu nyuma aca asubizaho ibihano.

Kuva mu kwezi kwa kane, hamaze kuba ibice bitandatu vy’ibiganiro i Vienne muri Otrishiya hagati ya Irani hamwe n’ibihugu rutura bigisigaye muri ayo masezerano ari vyo Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, n’Uburusiya.

Intumwa z’Uburusiya n’Ubushinwa zavuze ko Amerika itegerezwa kuba iya mbere mu gusubira muri ayo masezerano kandi ataco irinze gusaba kuko ari yo yayavuyemwo. Basavye kandi ko ibihano vyose vyafatiwe Irani bikurwaho, na Irani igasubira kwubahiriza ivyo yasinye muri ayo masezerano.(VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG