Uko wahagera

Irani Isaba Gushora Peterori Yayo Imbere yo Guhagarika Ibikorwa vya Nikleyeli


Coburg Palais, ahariko habera ibiganiro vya Nikleyeli na Irani, i Vienne, kw'itariki ya 27/12/2021
Coburg Palais, ahariko habera ibiganiro vya Nikleyeli na Irani, i Vienne, kw'itariki ya 27/12/2021

Intumwa za Irani n’ibihugu bitanu bikize kuruta ibindi bongeye gusubira mu biganiro kuri uyu wa mbere bigamije kunagura amasezerano ya Nikleyeli yo mu 2015. Irani ishimika ivuga ko Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu bicuditse biyemerera gushora ibitoro vyayo.

Ibi biganiro vy’i Vienne muri Otrishiya vyongeye gutangura inyuma y’imisi 10 bihagaze kugira intumwa za Irani zitahuke kuganira na reta yazirungitse. Ibiganiro biheruka, ivya mbere inyuma y’amezi arenga atanu, ntivyorohejwe na reta nshasha ya Irani yateye ukutumvikana kwatumwe n’ibishasha yasavye.

Amasezerano ya Irani n’ibihugu rutura ari vyo Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Reta zunze ubumwe za Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, yemerera Irani gukurwako ibihano ariko nayo igahagarika umugambi wayo wo guhingura ubumara bwa Nikleyeli.

Imbere yuko iki kindi gice c’ibiganiro gitangura, umushikiranganji wa Irani w’imigenderanire n’amakungu, Hossein Amirabdollahian, yavuze ko Irani yipfuza ko ibi biganiro bishasha bishimikira cane ku bihano yahawe ku gisata ca peterori.

Reta ya perezida mushasha wa Irani Ebrahim Raisi yamye isaba gukurwako ibihano imbere yuko Irani igaharika ibikowa vyayo vya Nikleyeli. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG