Uko wahagera

Irani Yemeza ko Ibiganiro Kuri Nikereyeli Bigeze ku Mudugo


Iran Oman
Iran Oman

Ibiganiro bigamije kunagura amasezerano ya Nikereyeri na Irani winjiye mu bihe bitoroshe aho bimwe mu bibazo bigiteye ingorane bitaratorerwa inyishu. Ibi vyavuzwe n’umushikiranganji wa Irani w’imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa gatatu.

Aya masezerano yo mu 2015 yakuye Irani ku bihano, nayo isabwa guhagarika porogaramu yayo ya nikereyeri. Ariko Reta zunze ubumwe z’Amerika yaciye iyidohoramwo mu 2018 ku butegetsi bwa Donald Trump.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi biri muri ayo masezerano na Irani vyari vyavuze mu ndwi iheze ko begereje kuyaterako umukono. Ariko vyongeyeko ko uruhara rusigaye kuri Irani.

Umushikiranganji wa Irani w’imigenderanire, Hossein Amir-Abdollahian, yavuze kuri uyu wa gatatu ko ibiganiro vyashitse ku musozi ugoye kuduga ariko kandi uhambaye. Amir-Abdollahian yavuze ko afise icizere co gushika ku mvumvikano, mu gihe yavuze ko Irani hari umurongo utukura itazorenga, ariko ntiyavuze uwo uwo ari wo.

Ibi biganiro biriko bibera i Vienne muri Otrishiya, biriko bihuza Irani, Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika yaserukiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG