Uko wahagera

Irani Iremeza ko Amasezerano kuri Nikereyeri asa n'Ayapfunditswe


Imashine ziyungurura ubumara bwa Nikereyeri i Natanz, hagati muri Irani. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 5/11/2019
Imashine ziyungurura ubumara bwa Nikereyeri i Natanz, hagati muri Irani. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 5/11/2019

Irani kuri uyu wa mbere yavuze ko kwumvikana ku gusubira mu masezerano ya Nikereyeri yo mu 2015 n’ibihugu rutura bisa n’ivyarangiye, ariko ishimika ivuga ko ibihano yafatiwe bikwiye guhagarikwa muri iki gihe c’ibiganiro i Vienne muri Otrishiya.

Inyuma y’amezi ibi biganiro bimaze, umukuru w’igisata ca dipolomasiya mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya, Josep Borrell, yavuze ko yizigiye ko amasezerano mashasha agiye gufundikwa. Yabivuze ahejeje kuvugana n’umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire.

Ibi biganiro birimwo Irani, Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, n’Uburusiya. Reta zunze ubumwe yaserukiwe n’ivyo bihugu.

Amasezerano yashitsweko mu 2015 yakomoreye Irani gukurwako ibihano ariko nayo isabwa guhagarika porogaramu yayo ya Nikereyeri. Ariko Reta zunze ubumwe za Amerika yaciye iyidohoramwo mu 2018 ku butegetsi bwa Donald Trump kandi ica isubizaho ivyo bihano bica bituma Irani itubahiriza ivyo yemeye.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Saeed Khatibzadeh, yavuze ko hakenewe ivyemeza ko Amerika itazosubira kwidohora muri ayo masezerano nka mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG