Uko wahagera

Ibihugu Rutura Vyiyemeje Kudasotorana mu Ntambara ya Nikereyeri


Ikigo ca Nikleyeli co mu bumanuko bw'Ubudagi. Kw'itariki ya 23/05/2006
Ikigo ca Nikleyeli co mu bumanuko bw'Ubudagi. Kw'itariki ya 23/05/2006

Ibihugu bitanu rutura kuruta ibindi kw’isi vyiyemeje gukorera hamwe mu guhagarika ikwirakwira ry’ibirwanisho vy’ubumara bwa Nikereyeri no gukinga intambara ya Nikereyeri. Ibi vyavuye mw’itangazo rusangi ry’ivyo bihugu bitanu bigize akana ka ONU kajejwe umutekano kw’isi.

Aka kanama kagizwe n’Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, Ubwongereza na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ibi bihugu vyemeye ko ata gihugu na kimwe cotsinda intambara ya Nikereyeri, kubw’ivyo nta na kimwe gikwiye kuyisomborotsa.

Iri tangazo ryo kuri uyu wa mbere rije mu gihe hari ubwoba bw’intambara hagati y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi n’Uburusiya ku basirikare b’Uburusiya barungitswe ku rubibe na Ukraine. Imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa yarongeye guhungabana bivuye ku kutumvikana ku bibazo vyo guhungabanya agateka ka muntu Ubushinwa bwagirizwa. Amerika ihanganye kandi n’Ubushinwa ku matati yo mw’ibahari ryo mu bumanuko bw’Ubushinwa hamwe n’indege z’Ubushinwa ziguruka hafi ya Tayiwani.

Iri tangazo rije kandi mu gihe abadiplomate b’ivyo bihugu basubiye mu biganiro bitumbereye kunagura amasezerano ya Nikereyeri Irani yasinye n’ibihugu rutura mu 2015. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG