Uko wahagera

ONU: Amerika Yahamagaje Inama Yihuta kuri Koreya ya Ruguru


Reta zunze ubumwe za Amerika yatumyeko inama yihuta kuri uyu wa kane y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri Koreya ya Ruguru iheruka kurungika mu kirere misile ikomeye. Aya makuru yatanzwe n’abadipolomate muri ONU kuri uyu wa kabiri. Iyi nama yitezwe kuzoba mu mwiherero.

Koreya ya Ruguru ku musi wa mbere yaremanze ko yateye misile yagenze ikirere kirekire. Ni igerageza rya mbere ry’ikirwanisho gikomeye ikoze kuva mu 2017.

Iri gerageza rya Misile ryo kuw’Imana rya Koreya ya ruguru ryabaye irigize indwi mu kwezi kwa mbere, kandi ryatumye amakungu agira ubwoba ko ico gihugu gishobora gushika ku gisasu ca Nikereyeli.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG