Koreya ya ruguru, kuri uyu w’Imana, yateye mu kirere Misile ya mbere igenda ikirere kirekire itari bwigere iterwa mu kiringo c’imyaka ine. Ni mu gihe muri iki gihe hagaragara icuka kibi kirenze hagati y’ico gihugu na Reta zunze ubumwe za Amerika.
Abasesenguzi batari bake bavuze ko Misile yageragejwe kuri uyu w’Imana yagenze ibirometero 4.500.
Mu ntango z’uku kwezi kwa mbere, Koreya ya ruguru yavuze ko igiye gusubira kugerageza Misile zayo kandi bishobotse igerageze n’igisasu ca Nikereyeri.
Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika caneguye iryo gerageza rya Misile kandi gisaba Koreya ya ruguru guhagarika ivyo bikorwa vyo guhungabanya umutekano w’akarere.
Koreya ya ruguru imaze kurungika mu kirere misile 11 muri uku kwezi kwa mbere kwonyene. Ni igitigiri ca mbere kinini ugereranije n’ibihe vyaheze.
@VOA
Facebook Forum