Uko wahagera

Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru Yiteze Guhangana n'Amerika


Kim Jong Un, ategeka Koreya ya Ruguru

Umutegetsi w'igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, yatangaje ko yiteguriye guhangana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi ko yitegurira kusubira kubandanya ibiganiro. Abivuze inyuma y'imisi itanu Amerika n’ibindi bihugu bisavye Koreya ya ruguru guheba umugambi wayo w’ibirwanisho ruhonyanganda, ikagaruka mu biganiro.

Ivyatangajwe na Kim Jong Un vyerekana ko asa n’uwuzorondera kwongereza ibirwanisho ruhonyanganda igihugu ciwe gifise muri iki gihe, n’ukwongereza ivyerekeye kuremera abategetsi ba Reta ya Amerika kugira bahebe ivyo Koreya ya ruguru ibona ko ari imigambi y’ukuyirwanya.

Mu nama y’umugambwe uri ku butegetsi muri Koreya ya ruguru yabandanije ku musi wa kane, Kim Jong yarihweje ido n’ido iyo imigambi ya Amerika ku ntwaro ya Prezida Joe Biden itera igana. Kim Jong yaratangaje ku buryo bugaragara ingingo zofatwa ku bijanye n’imigenderanire n’ico gihugu. Yamara, ntiyagaragaje ku buryo butomoye izo ngingo izarizo, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Koreya ya ruguru.

Kim Jong Un yasavye Abanyakoreya ya ruguru kwitegurira neza guhangana na Amerika kugira bakingire agateka k’igihugu cabo n’umutekano w’igihugu. Mu ntango y’iyi ndwi, abategetsi b’ibihugu 7 bigize umurwi G-7, bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi, barasohoye itangazo risaba ivanwaho burundu ry’ibirwanisho ruhonyanganda mu kigobe ca Koreya n’uko Koreya ya ruguru iheba umugambi wayo werekeye ivyo birwanisho hamwe na za misile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG