Uko wahagera

ONU: Koreya ya Ruguru Yakomeje Igisirikare mu Mafaranga y'Ubusuma


Ibikoresho vya gisirikare vyerekanwa ku musi mukuru w'umugambwe utwara igihugu. Kw'italiki 14/01/2021
Ibikoresho vya gisirikare vyerekanwa ku musi mukuru w'umugambwe utwara igihugu. Kw'italiki 14/01/2021

Raporo yo mw’ibanga ya ONU ivuga ko Koreya ya ruguru yivye imiliyoni amajana z’amadolari, iyakoresha mu gukomeza porogaramu zayo za Nikleyeli na Misile, biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Iyo raporo yabonywe n’ibimenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri.

Kimwe mu bihugu bigize ONU kitavuzwe izina cashikirije ko iyo raporo ivuga ko igisirikare ca Koreya ya ruguru cakomejwe n’amafaranga angana imiliyoni 300 z’amadolari ico gihugu civye hakoreshejwe ubuhinga bwa interineti.

Ayo mafaranga yaguze misile zo mu bwoko bwa Balistike, kandi iyo raporo ivuga ko izo misile zishobora gutera ubumara bwa Nikleyeli no gushika muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ico cegaranyo canditswe n’abagenduzi bigenga bo mu mugwi w’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, ukurikirana ibihano kuri Koreya ya ruguru.

Koreya ya ruguru iri mu bihano yafatiwe na ONU, Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ishirahamwe rya Bulaya. Ariko abakurikiranira hafi ivy’ico gihugu bavuga ko ibi bihano bitashitse ku co vyafatiwe.

Reta nshasha ya Amerika ivuga ko iriko irakorera ku wundi mukenyuro mushasha kuri Koreya, nkuko vyashikirijwe n’umuhanuzi muvyo umutekano mu gihugu, Jake Sullivan, kw’italiki ya 4 y’uku kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG