Uko wahagera

ONU Iragabisha ko Irani Yegereje Ikirwanisho ca Nikereyeri


Ibendera rya Irani.
Ibendera rya Irani.

Ikigo ca ONU kijejwe gucungera ivya Nikereyeri, cagabishije kuri uyu wa kane ko Irani yongereje urugero ihingura rwa Iraniumu rurenze ku rwemewe mu masezerano yo mu 2015 yumvikanye n’ibihugu rutura kw’isi. Iki kigo kivuga ko Irani iriko yegereza guhingura igisasu ca Nikereyeri.

Muri Raporo ya buri mezi atatu yashikirijwe ONU, iki kigo cavuze ko Irani ifise ibiro 33.2 vya Iraniumu iyunguruye gushika ku rugero rwa 60 kw’ijana, hiyongereyeko ibiro 15.5 kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Iraniumu iyunguruwe kuri urwo rugero ishobora ngo gukorwamwo ibisasu vya Nikereyeli nkuko iyi raporo ivyemeza.

Iyi raporo ije mu gihe abadiplomate b’ibihugu vyasinye ayo masezerano ya Nikreyeri yo mu 2015 na Irani kuva mu kwezi kw’icumi na kumwe bariko baganira na Irani, bagerageza kunagura ayo masezerano.

Ikigo ca ONU kijejwe gucungera ivya Nikreyeri kivuga ko ibi bitigiri bishasha vya Iraniumu vyerekana ko abari mu biganiro bakwiye gukora basiganwa n’umwanya.

AP, AFP, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG