Uko wahagera

Kubwa USA Haharurwa Indwi ngo Irani Ironke Bombe Nikeleyeli


Imashini zihingura ubumara bwa uranium muri Irani
Imashini zihingura ubumara bwa uranium muri Irani

Reta zunze ubumwe za Amerika iragabisha ko ubu hasigaye haharurwa ikiringo c’indwi kugira Irani izobe yaronse ikirwanisho ca Nikeleyeli. Ibi vyavuzwe n’umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, ku musi wa mbere. Ni mu gihe hakiri ukutumvikana hagati y’abahinga ba Amerika ku kuntu Irani yokwihuta gukora ico kirwanisho hamwe n’ico Amerika n’abo bicuditse boca bakora.

Amerika na Irani bamaze igihe baganira, kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze kugira barabe ko bogaruka mu masezerano ya Nikeleyeri bumvikanye mu 2015. Muri aya masezerano Irani yemeye guhagarika ibikorwa vyayo vya Nikeleyeri, ariko nayo isaba gukurwako ibihano yafatiwe na Amerika ifatanije n’ibindi bihugu rutura.

Irani yisigura ivuga ko Nikeleyeli yayo ari iya gisivile, ata mugambi wo guhingura bombe ruhonya nganda igamije.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG