Uko wahagera

Ubutegetsi muri Sudani Bukomeje Kwibasira Abigaragambya


Imyiyerekano muri Sudani
Imyiyerekano muri Sudani

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko reta ya Sudani kw’ubutunzi bwayo bushobora kugwa mu manga badatoreye umuti ibibazo vya poritike biri muri ico gihugu.

Intumwa ya ONU muri Sudani Volker Perthes yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko igisirikare ca reta kibandanya gucinyiza abantu bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza abatembagaje ubutegetsi.

Avuga kandi ko abona igihugu kitakiri ku nzira y’umwumvikano wa politike kugira basubire mu biganiro vy’intwaro mfatakibanza, biriko bituma ubutunzi bw’igihugu n’umutekano bisubira inyuma.

Itembagaza ry’ubutegetsi riheruka kuba ryakuyeho reta mfatakibanza ya demokarasi yari yagiyeho inyuma y’aho hari harabaye itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Omar al-Bashir mu mwaka wa 2019.

Hafi imisi yose haraba imyiyerekano isaba ko hajaho intwaro ya gisivile ariko yamara iyo myiyerekano igenda iteshwa n’abasirikare.

Bimwe mu biro bijejwe amagara y’abantu bitangaza ko hamaze gufatwa abantu bashika kuri 80 benshi muri bo bakaba ari imisore, abandi bashika ku 2.600 bakaba bamaze kuhakomerekera. Amareta yo kw’isi n’amabanki vyarahagaritse imfashanyo vyahora biha Sudani mu ntumbero yo kuremera abagenerali kugira basubize intwaro abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG