Uko wahagera

USA Yahanye Igiporisi ca Sudani Kubwo Guhungabanya Agateka ka Muntu


Abakora imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare inyuma ya kudeta, i Khartoum, Sudani, Kw'iatriki ya 24/01/2022
Abakora imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare inyuma ya kudeta, i Khartoum, Sudani, Kw'iatriki ya 24/01/2022

Reta zunze ubumwe za Amerika yafatiye ibihano kuri uyu wa mbere igiporisi ca Sudani kubwo guhohotera uburenganzira bwa kiremwa muntu mu myiyerekano y’amahoro yiyamiriza kudeta y’abasirikare muri ico gihugu.

Ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika bwavuze ko ico giporisi cakoresheje inguvu zirenze urugero ku bari mu myiyerekano ku murwa mukuru Khartoum. Igiporisi co muri Sudani nico cafashe iya mbere mu kuburizamwo abaja mu myiyerekano inyuma y’aho igisirikare gikuriye reta mfatakibanza yaganisha igihugu ku ntwaro y’abasivile muri Sudani mu kwezi kw’icenda.

Amerika ivuga ko abajejwe umutekano ba Sudani bishe, bahohoteye, bongera baboreza igufa abanyesudani kandi ko vyatumye umutekano mu gihugu urushiriza guhungabana.

Reta ya Sudani irongowe n’umukuru w’abasirikare, Abdel Fattah al-Burhan yagirizwa kuba imaze kwica abasivile hafi 82 mu myiyerekano yiyamiriza kudeta y’abasirikare.

Ibi bihano bifata imitungo yose ico giporisi gifitiye canke cinjiza muri Amerika, canke iyigenzurwa n’abantu bari muri Amerika. Abagenzura ayo matungo bari ku butaka bwa Amerika basabwe kuyitangariza ubushikiranganji bw’ikigega bujejwe gufata ibihano.

Bubaye ubwa mbere Reta zunze ubumwe za Amerika ifatira ibihano Sudani inyuma y’aho uwahoze ari perezida, Omar al-Bashir akuriwe ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG