Uko wahagera

Abantu 2 Bishwe mu Myiyerekano Yiyamiriza Ubutegetsi muri Sudani


Umugabo yerekana ibimenyetso ko yatsinze mu gihe c'imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw'anbasirikare, i Khartoum, Sudani, Kw'itariki ya 9/01/2022
Umugabo yerekana ibimenyetso ko yatsinze mu gihe c'imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw'anbasirikare, i Khartoum, Sudani, Kw'itariki ya 9/01/2022

Muri Sudani, abantu babiri mu bari mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw’abasirikare barashwe batako barapfa kuri uyu wa kane. Ni mu gihe abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’abo ubumwe bwa Afrika bagabisha ko igihugu gishobora kwinjira mu kaga k’intambara.

Ababonye ivyabaye bavuze ko abantu baharurwa mu majana bihereje amabarabara ku murwa mukuru Khartoum hamwe no mu gisagara ca Omdurman. Abaganga baharanira demokarasi bavuze ko abajejwe umutekano bishe umuntu umwe bamurashe i Omdurman n’uwundi i Khartoum. Abo baganga bavuga ko abantu hafi 87 bishwe, abandi amajana barakomereka mu kiringo c’amezi arenga ane abasivile bamaze mu myiyerekano isaba ko intwaro y’abasivile igaruka hamwe n’ubutungane kuri abo bishwe.

Intumwa y’ubumwe bwa Afrika, Mohamed Lebatt hamwe n’intumwa idasanzwe ya ONU i Kharthoum, Volker Perthes bavugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane ko ibimenyetso vyose biriho vyerekana ko igihugu kiri mu bihe biteye ubwoba. Basavye ko igihugu gisubizwa ku burongozi bwa gisivile.

Ishirahamwe rya Afrika ryarakuye Sudani mu bihugu bigize uwo muryango kuva aho umukuru w’abasirikare Abdel Fattah al-Burhan akoreye kudeta.

@ AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG