Muri Sudani, abajejwe umutekano bishe umunyagihugu mu bazindukiye mu myiyerekano kuri uyu w'Imana. Abanyagihugu amajana n’amajana basubiriye kwihereza amabarabara y’umurwa mukuru, Khartoum, n’ibindi bisagara binini vy’ico gihugu. Basaba abasirikare batembagaje ubutegetsi mu kwezi kwa cumi ko mu 2021 kubusubiza abasivile.
Abiyerekanye kuri uno wa Mungu bari bwarwiriyemwo abakiri bato n’abakenyezi. Imyiyerekano y’uno munsi yatunganijwe n’amashirahamwe y’abakozi n’abari imbere mu batumye ubutegetsi bwa Prezida Omar al-Bashir butembagazwa.
Abiyerekanye bageze mu micungararo y’ingoro y’umukuru w’igihugu, hama igiporisi naco kibamijagiramwo amasasu n’ivyotsi bikoroza amosozi mu ntumbero yo kubasanzaza. Abaharanira agateka ka zina muntu bavuze ko abo bamaze kumenya bakomerekejwe n’ayo masasu ya polisi ari batatu.
Kuva ubutegetsi butembagazwa muri Sudani, abarenga 75 baramaze kugwa mu myiyerekano isaba ko ubutegetsi bwoja mu minwe y’abasivile, amajana n’amajana nabo bakomerekera muri iyo myiyerekano. ONU n’impande zerwa n’iki kibazo barabadanya ibiganiro vyo kuraba uko cotorerwa umuti.
Facebook Forum