Uko wahagera

Amerika Ivuga ko Itazosubira Gufasha Sudani mu vy'Ubutunzi


Bamwe mu banyagihugu bakoze imyiyerekano i Khartoum
Bamwe mu banyagihugu bakoze imyiyerekano i Khartoum

Reta ya Amerika yatangaje ko itazosubira guha Sudani imfashanyo mu vy'ubutunzi yahagaritse inyuma ya kudeta yabaye muri ico gihugu, kiretse gihagaritse ubwicanyi, kikongera kigasubizaho reta iyobowe n’abasivile.

Ubuserukizi bw’Amerika i Khatroum ni bwo bwasohoye itangazo, ryashikirijwe n’abategetsi babiri bakomeye b’Amerika bari mu rugendo muri Sudani. Rimenyesha ko Amerika izokwiyumvira gufatira ingingo abagize uruhara mu gutuma ata ntambwe ziba ku bijanye n’umugambi wa politike w’ikiringo mfatakibanza, n’ugushiraho uburyo bwotuma uwo mugambi ugira intambwe. Yamara iryo tangazo ntirimenyesha izo ngingo izo ari zo.

Mu rugendo muri Sudani, icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Amerika, Molly Phee, n’intumwa idasanzwe y’Amerika mu karere ko mw’ihembe rya Afrika, David Satterfield, basavye ko haba amatohoza yigenga ku vyerekeye abantu bishwe canke bakomeretse bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza igisirikare kuva kigize kudeta mu mwaka uheze.

Abo bategetsi biyamirije inguvu z’umurengera zikoreshwa ku bari mu myiyerekano, cane cane ikoreshwa ry’insoro zica n’amabi akorwa afatiye ku gitsina, hamwe n’ugupfunga abantu mu buryo budakwirikije amategeko.

Abategetsi ba Sudani bavuga ko imyiyerekano ibaye mu mahoro irekuriwe, kandi ko ihohoterwa iryo ari ryo ryose rikorewe abari mu myiyerekano rizotohozwa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG