Abajejwe umutekano muri Sudani kuri uyu wa gatatu barashe barica umunyagihugu yari mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw’abasirikare.
Imbere y’iyicwa ry’uyu munyagihugu, umwunganirizi w’umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Molly Phee hamwe n’intumwa idasanzwe ya Amerika mw’ihembe rya Afrika, David Satterfield, babonanye n’imiryango yiciwe ababo muri iyi myiyerekano, nkuko ambasade ya Amerika i Kharthoum yabivuze.
Ubu bundi bwicanyi bubaye mu misi ibiri, kuva kuwa kabiri n’uyu wa gatatu, amaduka arugaye, abakora imyiyerekano barazibiye amabarabara mu kugarariza ubutegetsi, inyuma y’aho abantu indwi biciwe ku musi wa mbere.
Urupfu rw’uyu muntu ruciye rushikana ku bantu 72 bamaze kwicwa n’abajejwe umutekano kuva iyo myiyerekano itanguye. Basaba ko ubutegetsi bugaruka mu ntwaro ya demokarasi.
Abo badiplomate bategekanya kubonana kandi n’abandi berwa n'uruhagarara muri ico gihugu barimwo abakuru mu gisirikare hamwe n’abanyeporitike.
Facebook Forum