Uko wahagera

Abakora Imyiyerekano muri Sudani Bishe Umuporisi w'Ipete rya Jenerali


Abakora imyiyerekano muri Sudani mu mabarabara y'i Khartoum. Ifoto yafashwe kw'itariki ya 6/01/2022
Abakora imyiyerekano muri Sudani mu mabarabara y'i Khartoum. Ifoto yafashwe kw'itariki ya 6/01/2022

Abakora imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw’abasirikare muri Sudani bacumise umuporisi w’ipete rya jenerali n’imbugita batako baramwica kuri uyu wa kane. Abategetsi bavuze kandi ko n’umwe mu bari mu myiyerekano yishwe.

Ku rubuga huriro Facebook, igiporisi ca Sudani canditse kivuga ko Brigadier Jenerali Ali Bareema Hamad yabaye incungu y’igihugu ari ku kazi kiwe kandi ariko acunga umutekano w’abakora imyiyerekano ku murwa mukuru Khartoum. Umuvugizi w’igiporisi, Idris Abdalla Idris, yavuze ko Hamad yacumiswe n’imigwi y’abakora imyiyerekano mu bice bitandukanye vy’umubiri wiwe. Yavuze kandi ko abandi baporisi bakomerekejwe bikomeye.

Urupfu rwa Brigadier Jenerali Hamad rubaye urwa mbere rutangajwe ku ruhande rw’abajejwe umutekano, kuva iyo myiyerekano itanguye muri Sudani mu mezi abiri arenga.

Ishirahamwe ry’abaganga muri Sudani rivuga ko gushika ubu abandi bantu hafi 64 bamaze kwicwa ,abandi amajana barakomereka muri iyo myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG