Uko wahagera

Sudani: Batatu Bishwe Barashwe n'Abajejwe Umutekano mu Myiyerekano


Abanyesudani mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw'abasirikare i Khartoum, kw'itariki ya 6/01/2022
Abanyesudani mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw'abasirikare i Khartoum, kw'itariki ya 6/01/2022

Muri Sudani, abajejwe umutekano barashe barica abantu batatu bari mu myiyerekano, bongera barasa ivyuka bikoroza amosozi mu masinzi y’abantu kuri uyu wa kane ku murwa mukuru Khartoum no mu bindi bisagara. Ibi vyavuzwe n’abaganga batabara ahabereye imigumuko hamwe n’abavyiboneye.

Abantu bashika kuri 60 baramaze kwicwa abandi benshi barakomereka mu bikorwa vy’abajejwe umutekano bashwiragiza abari mu myiyerekano kuva haba kudeta mu kwezi kw’icumi. Iyi kudeta yaburijemwo utwigoro tw’ukurondera ivyohinduka muri Sudani biciye muri demokarasi, nkuko bivugwa n’umugwi w’abaganga batabara bashigikiye iyo myiyerekano.

Abantu bose bishwe kuri uyu wa kane bari mu myiyerekano kandi bishwe n’amasasu yavuye mu bajejwe umutekano mu bisagara vya Omdurman na Bahri, hakurya y’uruzi Nil uva i Khartoum.

Abari mu myiyerekano bagerageje ubugira kandi gushika ku kirimba ca perezida ku murwa mukuru kugira bagondoze igisirikare kirekure ubutegetsi. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG