Uko wahagera

Sudani: Abiyerekana Bipfuza Gushikira Ingoro ya Prezida iri Kharthoum


Bamwe mu bakora imyiyerekano

Abantu isinzi bihereje amabarabara uno musi ku wa kane ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum no mu bindi bisagara mu myiyerekano itari mike itegekanijwe muri uku kwezi y'ukwiyamiriza igisikare cafashe ubutegetsi inyuma ya kudeta.

Amasanamu yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye inteko zijejwe umutekano ziriko zirasa imyuka ibabaza mu maso ku bari mu myiyerekano mu ntumbero y’ukubashwiragiza.

Amatelefone na interneti vyari vyugawe imbere y’uko iyo myiyerekano itangura nk’uko vyabaye mu myiyerekano yabaye imbere yaho. Bimwe mu biraro biri hagati y’umurwa mukuru, Khartoum n’ibisagara bifatanye vya Bahri na Omdurman navyo nyene vyari vyugaye.

Abari mu myiyerekano bari batangaje ko bazogerageza gushikira ingoro ya prezida ku murwa mukuru, Khartoum. Ni mu gihe babandanya kuremera igisirikare cahagaritse amasezerano y’ugusangira ubutegetsi yari yaganiwe inyuma yuko Prezida yari amaze igihe kirekire atwaza igitugu, Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi mu mwaka w’i 2019, muri kudeta yabaye mu kwezi kw’icumi kw’umwaka urangiye w’i 2021.

Abateguye imyiyerekano batangaza ko bazobandanya imyiyerekano y’ukwiyamiriza intwaro y’igisirikare biciye mu mahoro kuko ari co kirwanisho gikomeye cane bafise.

Iyo myiyerekano ibaye imisi ine inyuma yuko umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok, atanze imihoho mu mabanga yiwe. Vyatumye kazoza k’igihugu kabamwo ibibazo bikomeye.

Hamdok yabaye umushikiranganji wa mbere mu mwaka w’i 2019. Yarahagarikiye ikiringo c’itunganywa gushasha ry’ubutunzi bw’igihugu imbere yuko akurwa ku butegetsi muri kudeta. Yaragarutse mu mabanga yiwe mu kigoro ataco kashitseko k’ukugarukira amasezerano y’ugusangira ubutegetsi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG