Uko wahagera

Sudani: Umwe Yarahitanywe n'Imyiyerekano Yakomerekeje Abarenga 300


Abajejwe amagara y'abantu muri Sudani batangaje ko umuntu umwe yishwe arashwe, abandi batari bake barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza abategetsi b'abasirikare b'ico gihugu, yabaye ku musi w'Imana ku murwa mukuru, Khartoum no mu bindi bisagara.

Abantu ibihumbi amajana n’amajana, ku musi w’Imana uheze, baragize imyiyerekanao yo kwiyamiriza kudeta ya gisirikare yabaye kw’italiki 20 y’ukwezi kw’icumi muri uyu mwaka w’i 2021.

Inteko zijejwe umutekano zaciye zibashwaramwo, zibarasa imyuka ibabaza mu maso. Abari mu myiyerekano bagerageje gukoranira imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu aho bashoboye gushika mu bwari bubaye ubwa mbere inyuma y’indwi zitari nke z’imyiyerekano. Yamara abajejwe umutekano barabashwiragije mu nyuma y’aho.

Abajejwe amagara y’abantu bavuga ako abantu bagera ku 331 bakomeretse ku musi w’Imana urangiye, harimwo 2 barashwe mu mutwe, mu gihe abandi batari bake bakomerekejwe n’imyuka ibabaza mu maso. Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwaramenyesheje ko abantu 123 bakomeretse igihe bari mu myirekano, abapolisi bakabasuka imyuka ibabaza mu maso. Imyiyerekano ibandanya kubera muri Sudani ishigikiwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta yiyamiriza intwaro y’igisirikare. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG