Uko wahagera

Amerika n'Uburayi Bagabisha Sudani Kutishiriraho Minisitiri wa Mbere


Abdel Fattah al-Burhan n'umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok
Abdel Fattah al-Burhan n'umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok

Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’ishirahamwe rya Buraya bagabishije igisirikare ca Sudani kutishiriraho umushikiranganji wabo wa mbere, inyuma y’aho umusivile yahahora, Abdalla Hamdok, atangiye imihoho kuwa mbere.

Mw’itangazo rusangi ryashikirijwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’amakungu, ivyo bihugu bivuga ko bitazoshigikira umushikiranganji wa mbere canke reta yose izogenwa abasivile batabigizemwo uruhara.

Ivyo bihugu rutura vya Buraya na Amerika vyavuze ko vyemera ishirwaho ry’ubutegetsi buciye muri demokarasi muri Sudani, vyongera bigabisha abasirikare ko hazoba ingaruka atari nziza mu gihe ivyo bitokorwa.

Bahamagarira amatora yumvikanyweko kuzoba mu 2023 no gushiraho inzego zigenga z’abashingamateka n’ubutungane. Iri tangazo kandi rihamagarira abasirikare kureka abanyagihugu bagakora imyiyerekano kugira baserure akari ku mutima mu mwidegemvyo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG